Par noah ce jeudi 24 mai 2012 à 21 : 24 : 04
Urabesha abanyagihugu sibijuju. None iyo independance imaziki mukubuza ko abanyagihugu bakora inama. Ayo mategeko mufata nkayo mungwano canke mugihe habaye ihinduka ry’intwaro ntabwoba bibatera ? Barundi ntibabahende ngo uburundi bwarikukiye.
Mbe murazi Independance icarico ? N’ubwigenge ukwishira ukizana, none uburundi n’abarundi barigenga canke turishira tukizana ? Inyishu ni oya. Kubera iki ? Budget y’igihugu irindi kuva hanze iyo wikukiye ntuba ukizera inze canke ugendera k’umufuko wuwugutegeka.
Abarundi barisanzura no.
CNDD-FDD hamwe na UPRONA nibo bagishibije raba ngo CNDD-FDD nayo yarongoye uwo mu sugar mama UPRONA. ikirigwa ibazungagiza ibata mumitego yo kumara abarundi no kubashirako amategeko yose yo kubacinyiza.
Eduardo nawe yahiye icoba kubera Leonce agomba kugira decente mugihugu hagati. Mwabukaranze turi musi yurugete
Par ce vendredi 25 mai 2012 à 13 : 02 : 54
Ewe Edouard ntako utagira kugira ufatire abarundi amaboko i mugongo, erega nta independence twoba twararonse tudafise ubwigenege bwo kugira amanama igihe cose dushatse. Ubu twumvise Ndiwimana avuze aba avuze ibintu bibi dusa, peter dukureko uyo mugabo nduwimana !!!
Par ce samedi 26 mai 2012 à 01 : 03 : 19
Peter s’il vous plait
Par Weah Mzalendo ce samedi 26 mai 2012 à 12 : 12 : 17
Twibaza ko associations zokorana nyabuna narirya higinwa intahe yo kwikukira ninaho boterera biboneka kugira uwo munsi ntangere wiginwe neza. None uwo mushikiranganji Duwarudo agomba kuzokwikukira atashirahamwe ryaserutse ? Nayo kugira riseruke riritegura niko tubizi.
None yovuga ingene vyotera umutekano muke canke niwe awutera mu mashyaka biciye mugisinya "nyakuri" amashirahamwe yovuga ngo yarikukiye gute abuzwa gukora ? Hari ivyicaro vya politique bagomba canke boba bavuga ko batikukiye ? Jewe sinunva abantu nk’abo ingene bahabwa amabanga nk’ayo kuko iki n’umwana yocunva ko coba gihengamye muzindi nvo uyo Duwarudo atashatse kuvuga. Muri demokarasi ibibaza bija ahabona kugira n’ingingo zifashwe zishigikirwe. Ariko ntavyo bashaka kubera ubushobozi buke canke gukinga inyungu z’abo gusa. Biteye isoni mu Burundi bwa Nyaburunga.
Par kaguta ce dimanche 27 mai 2012 à 09 : 03 : 50
Abafata ingingo baba bakwiye kwitonda bakaraba ineza iri mu ngingo bagira bafate.Ndemera ko amashirahamwe y’igenga rimwe na rimwe ashiramwo akunyu n’agapiripiri mu vyo avuga, ariko iyo ntiyoba imvo yo kuyinuba bigeze ng’aho.Ahubwo Leta yari ikwiye guhamagirira ayo mashirahamwe kwitegura bikwiye nyabuna kugira azo agire ico yerekana gitera iteka Uburundi n’Abarundi kuri uwo musi uhambaye,uwo mwiteguro nawo ntiwokunda batagira amakoraniro.Abarundi barabaye intwari muri iyo myaka yose, kuko abarundi barakoze ibihambaye bishimwa n’amakungu, baragiye barwa kenshi ariko ntibahezeyo barivyukiranije.Ayo mashirahawe ntiyamyeho kuko bitashoboka ariko ubu arahari nkibaza ko ico kiri muvyo ayo mashirahamwe yozogira ururirimbo rw’ishimwe.Leta nite ubwoba ahubwo nyabuna yemere gukorana n’ayo mashirahamwe kuko ntazosubira inyuma niyo Demokratie nyakuri.Amashirahamwe nayo arakwiye kwerekana neza ko atamugambi mubi iba ifise wo kwononera Leta muvyo ikora n’ivyo ivuga, jewe ndizera ko atantumbero mbi afise, ariko ako gasukari n’agapiripiri bashiramwo karababa kandi kadafasha.
|