Par alidi ce mercredi 30 mai 2012 à 11 : 24 : 46
ntakuri mububurundi hakiri leta ya cndd fdd,iyo reta niyamanyanga gusa.uvugishe ukuri uba utuse abakuru nayo inyishu nukukwicha canke ufungwe ufungirwa ukuri kwawe.eweeeeee cndd fdd nukuri urakavumwa nimana.
Par kaguta ce samedi 2 juin 2012 à 13 : 02 : 10
Ibibi ntibiva ku Mana biva kwa satani.Uwo muntu rero asaba Imana ko yovuma abantu arahindukira asenge iyo mw’ijuru yoyo igira neza.Kubona ushobora kwandika ivyo kandi atamutima usimba n’ikimenyetso c’uko Imana yagiriye neza Uburundi n’Abarundi.Umuntu yoba ata ciza abona yoshimirimira Imana ko yakoze mu Burundi, uwo nta n’ico afise ayisaba kuko ntaho afise ahera. Ewe Mana urahambaye, ehe raba intwaro zikuranwa biciye mu matora, impunzi zirenga 600.000 zarahungutse, ehe raba amaradiyo adufasha gushikiriza akatubakiye yararwiriye etc.Uwo mumenyeshamakuru ariko aragigwako iterabwoba nareme niba ari mukuri, mugabo ariko arakurikiza inzira ya Hassan Ruvakuki oya nateshwe ate.Abarundi twese turashigikiye abamenyeshamakuru ariko abata umurongo babihanirwe kuko hari bamwe banka kwigishwa no guhanurwa.
Par Alidi Hicuburundi ce lundi 4 juin 2012 à 12 : 07 : 32
Weshaaa wiyita kaguta,nukuri wewe urumwichanyi mbe aho mwivugisha imana mwe ba cndd fdd murazi imana ??mwe murabo kwa satani kubikorwa mudukorera twebwe abanyagihugu.aho widedembesha intwaro zikuranwa mumatora ?? ayomatora mwivye mubona mwari gutwara uburundi mwebwe ?muriba ayakurikira turabe.ayo kubamenyesha makuru mwe aba cndd fdd mugomba abamenyesha makuru bavuge ivyo mushaka ivyo mudashaka ntibivugwe nukuri murabesha bazotomora ubwichanyi bwanyu nubusuma muriko muratugirira twebwe abanyagihugu atakubatinya nakare ivyanyu biraheze.mbe ninde umu cndd fdd yohanura ko mwe muri intahanugwaa.ndazi neza yuko wewe wanditse uri muri cndd fdd nukuri mwebwe mumaze kuvumwa nimana.ushime urabe uyomugambwe wanyu aho ugeze namaraso yabanyagihugu mumaze kunywa.
Par Alidi Hicuburundi ce lundi 4 juin 2012 à 12 : 15 : 27
nukuri cndd fdd ,muribagira mukiri mwishamba abamenyesha makuru barabavugisha ko batafungwa ?uwavugishije osam ben laden ko batamufunze ?unomunsi bbc ivugishije wa mucongomani arondegwa na centare mpuzamakungu ko batamushe uyo mumenyesha makuru abereke canke afungwe,ivyo vyibonekesha ko cndd fdd murabichanyi mudakeneye abarundi bamenye canke bunvirize amabi muriko mukora iburundi.naho murabesha ukuri gucha muziko ntigusha.
Par Weah Mzalendo ce lundi 4 juin 2012 à 15 : 00 : 01
Mbe uyu Kaguta avuga ngo "abamenyesha makuru bataye umurongo" canke ngo badahanurwa ni kuvuga iki ?
None abataye umurongo bahamagarwa ku materefone y’iterabwoba canke hari amategeko agenga abo bamenyesha makuru ?
Twibaza ko muri demokarasi, umumenyesha makuru afise uburenganzira bwo gushikiriza inkuru yoose abonye ko ikenewe n’abanyagihugu hamwe n’amakungu ahandi ho tuzoba turi muri za Korea ya ruguru canke za Birmanie, Chad,Syria Chechenie n’ahandi.
Twibaza ko avuze ibitarivyo mwama muvuga ko abarundi bazi icatsi n’ururo bomubeshuza co kimwe n’aha. Canke naho akitwarirwa mugabo ntagirirwa itera bwoba mu mwuga wiwe.Ibi nivyo twiyamiriza Kaguta wanditse ko Hassan Ruvakuki atariko arakora akazi. Twibaza ko bizomenyekana neza. Iradiyo zose ntizoba Rema canke izisa n’iyo. Abarundi dukeneye kwunva vyose uko bimeze canke birioko biragenda kandi nibaza nawe ko arivyo ukeneye ; Gira amahoro
Par ce mercredi 6 juin 2012 à 17 : 23 : 32
NI Adolphe ntawundi akora iryo bara
|