Par Kaguta ce jeudi 28 juin 2012 à 13 : 42 : 33
Le Président du CNN-FDD s’appelle Pascal Nyabenda et non Pierre Nyabenda. Nous vous excusons pour de cette petite erreur, mais évitez qu’elle puisse aller jusqu’au niveau criminel comme celle de H.Ruvakuki.
Je dis’courage aux journaliste’, soyez professionnels kugira tuze tubarungike no mumakungu ntimugume mukirimbira mu Burundi.None nk’ubu ubona uwobarungika nko muri Somalie iyo abasoda b’uburundi bari mwoshobora gutanga inkuru ziha courage abarundi kuguma barwanya iterabwoba et d’autre part démoraliser les terroristes ?
Par Rumbete ce jeudi 28 juin 2012 à 14 : 00 : 21
Mon commentaire est sur l’intervention d’Innocent Muhozi dans le journal parlé de cet après midi.
I.Muhozi a dit que les journalistes ne vont pas boycotter la célébration du Cinquantenaire. C’est bien.
Ariko jewe nasomye ko mutegekanya gukora ibindi, none nije nasomye nabi canke nimwe mwanditse nabi ?
Dans l’article : "Les medias privés ont claqué la porte pour le soutenir" de Marc Niyonkuru (Vendredi 22 juin)j’ai lu ce qui suit :
"Innocent Muhozi, directeur de la radio télévision Renaissance a de sa part dit qu’au regard du jugement qui a été prononcé contre Hassani Ruvakuki, « l’on serait tenté de croire que nous sommes encore à la période des dictateurs de renoms que l’Afrique a connus comme Mobutu et Iddy Amin ; à cause d’une catégorie de personnes qui sème la pluie et le beau temps, ce procès aura été significatif de parodie de justice ».
Il a indiqué que, suite à cette absence de justice, les médias vont initier une série d’activités pour inciter les décideurs burundais à revoir cette décision. A partir d’aujourd’hui, les médias ne vont plus suivre les activités relatives au cinquantenaire".
Umugabo yihindukiza mu kirago ntiyihindukiza mw’ijambo. None mugomba mube ba ntaho mfatwa ? Mugomba dufate iki. Si Muhozi jugent les commentateurs d’être malhonnêtes ; c’est nous qui sommes malhonnêtes ou bien c’est lui qui l’est ! Ni yemere ko yihenze sha. Canke ngira Marc MANIRAKIZA yaramubesheye. Akica umuntu kamuvamwo. Nous, nous n’avons fait qu’interpreter le discours de Marc MANIRAKIZA. Je vois par là que l’invitation du président du Cndd-Fdd est fondée. D’ailleurs ne voudriez-vous pas être plus professionels que vous ne l’étiez ? Si non, les séminaires pour la performance perdraient la raison d’être. Et si vous faites toujours des séminaires, chers amis, ne criez plus, haut et fort : nous les professionnels des médias, nous les professsionels, .... Il faut nuancer votre discours.
Par Weah Mzalendo ce jeudi 28 juin 2012 à 19 : 04 : 45
Abantu bunva ayo majambo bovuga ko i Burundi hakamwa amata n’ubuki. Icishe igihugu ni kutinegura mbere ugasanga bariko basasako utwatsi. Noneho umugabo ni uwihagarayeko naho yoba ariko aracinyiza canke yica.
Mu Burundi hatavuzwe ingene :
1. Igihugu kibandanya kizera inze ugereranije no mu bihe vyahera naho atari vyiza wovuga ngo turiko turikukira ? Twibaza ko atawikukira agendera ku mufuko w’umunyamahanga.
2. Igihugu kiguma gitwara impera birya benshi bita umurizo kubera Leta atamigambi ifise irashe uretse ivyo Nyebenda ashikirije vyo kwiyubakira amashule n’amavuriro nayonyene atagira ibikoresho canke abaganga bakwiye. Kubera atamahera ahari yo kubahemba.
3. Imigambi myinshi ikorwa itisunze ingene abanyagihugu bakenye canke ingene yobazanira akamaro mukurondera intambwe yo kuja ku nzira y’amajambere.
4. Ubusuma buguma buvurwa hirya no hino bwagirizwa abajejwe kuburwanya. Ibi turazi ko ata gihugu kirimwo ruswa cigera gitera imbere.Ababibazwa n’abanywanyi ba Nyabenda
5. Ubutegetsi ubu bukoresha igikenye tukabona ko akari mu mpene kari no mu ntama. Ico twiganzuye ntaco twabonye kubera inda bakitwaza guhabura ubwoko canke demokarasi.
5. Demokarasi twariko turiga biraboneka ko inda ndende iriko iyisubiza inyuma kuko hari za Nyakuri, hakaba kujanwa mu mashyaka hakoreshejwe iterabwoba (imbonerakure, gutanga ibiti..)
6 ; Mu Burundi hari amagabura nyama gusa kandi ntuwushigikira igihugu kandi ariko akoresha akarwi canke gutanga akazi bica kwa CNDD-FDD. Ubumenyi bwaguyehe ? Ubwira, ubukerebutsi ntibikivurwa ahubwo vyasubiriwe n’ibikorwa bigayitse vyo ku rugamba. Ibi nivyo Nyabenda yari akwiye kwicarira kuko nivyo bizingamitse abanyagihugu ubu. Umuntu ntagikorera igihugu akorera ishyaka ryamurungitse uretse bamwe ari IMPEREKEZA gusa zo gutora ubukorotse. Nta na candidat wa East Africa bashobora kubona !!!
7. Amakungu ariko araduha akato i Burundi kubera atako intwaro yifashe kuko ikiyiraje ishinga ni gutuza abadaca bugufi iyo babonye ibi bikorwa bariko bakorera igihugu.
8. I Burundi nta tegeko rikora na polisi ntiyiyubahirije bikwiye kubera ikoreshwa nabi n’abo bagiye muri ivyo bikorwa mbere bamwe bakanahava bikekwa gutoteza no kwica abanyagihugu.
9. Gukomeza ishyaka no gukorera igihugu birasa kandi naho baba bariko baravuga umenga bifise isano rimwe. Ivyo bavuga ni ku karimi gusa nayo ingiro ikaba iyindi twese tubona kandi tubayemwo. hari za toreranse zelo,hari kuuru de konte,hari za ministeri ngo zo gutwara neza, hari kurwanya ibi canke biriya bitigera bibuza uwugarikiwe n’ingwe ko avoma.Twibaza ko babishizeho kugira baduhume amaso arinaco gituma hari guhendahenda ku wa gatandatu.
10. Amashirahamwe adaharanira ibvyicaro kandi avugira abanyagihugu yemerwa n’amakungu n’abanyagihugu gusa akaba umwansi wa Leta. Ibi tuzi ko Leta yategerezwa ahubwo kwunviriza ayo mashirahamwe kugira ijwi ry’umunyagihugu ribashikire neza.Ariko i Burundi siko biri kubera abo biyita Leta barondera kwihisha sinzi ingene mubisigura -manke ya taransuparanse.
11. Imigambi ntiyigera itegurwa harabwe uburyo n’ibiza imbere y’ibindi ahubwo amafaranga menshi aja muvyo kumererwa neza kw’abategetsi,mbere na za divayi akaba arizo bigeza, imiryango y’abo ikaba ahatagira invunja canke mbere NTIBANARIHE amakori nk’abandi barundi.
Ngejeje aha imyaka bibaye ni ni myinshi ibiba biteye isoni vyose ntawobivuga ngo abimare.
Par Hicuburundi Alidi ce vendredi 29 juin 2012 à 10 : 54 : 50
Nukuri mpora nvuga ko uburundi bugiye kugwa mumanga,ehee nkichokigabo ngo inkuru ya Hassan ruvakuki bayisigiye sentare mbe muri cndd fdd sentare yokora ?nukuri murabesha inzoya nta sentare yokora atari gukoreshwa na cndd fdd ushime surubanzagusa rwa hassan nuwahoza ari president wa cndd fdd el hadji hussein imanza ziwe zose nizibinyoma gusa niho ubona ko abashingwamanza badagikora ivyobigiye hakoreshwa uruhusha ruvuye muri cndd fdd nichogituma ubona uburundi ivyimanza aragahomera bunwa.nukuri uyomukuru wa cndd fdd ayomajambo yose yavuze nayibinyoma gusa nukuri vyamunaniye nuko yoshikiriza ukuri kandi kubera cndd fdd atakuri bafise.nibatange igihugu chabananiye.
|