Gira ico ushikirije, 27 ruheshi 2014




Par: Isanganiro , samedi 28 juin 2014  à 10 : 16 : 30
a



Twitter cet article// Partagez cet article sur Facebook

443 ont visité l'article



Votre réaction sur l'article/émission/brève..

Par Kidudira Keneth   ce  jeudi 10 juillet 2014   à 13 : 23 : 19

Jewe ngomba mpanure umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza,nk’umuntu amukunda.Bwana prezida Nkurunziza,waravuze ko usomye ibirizwa shingiro n’amasezerano y’Arusha wohava uvyumva ukutariko,ngo urindiriye ko CENI na Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro arivyo bizobikwumvira neza !Wongeraho kandi ngo umugambwe wawe CNDD-FDD niwakugomwa ngo witoze 2015 utazowugambararira !Prezida Nkurunziza,ego data twemere ko utovyumva neza,none wobesha abantu ko utize KAMINUZA y’Uburundi ?Ntiwigishije muri Kaminuza y’Uburundi ?Umuhisi Mandela Nelson yigiye muri prizo,ko ibirizwa nshingiro ry’Uburundi yaritahura,ko umukuru w’i Burundi atorenza ibiringo bibiri !Reka basi tuje muvy’Imana utahura neza kandi wewe uri pasteur,umupfasoni wawe umupastori ukwonyene.None woba uri pasteri ntumenye amabwirizwa cumi y’Imana ?Aho umugambwe wawe niwakugomwa ukawemerera ko witoza muri 2015,ubwawe nka pasteur hamwe n’umufasha wawe pastori nyene,uzoba wubahirije ibwirizwa ryo kutabesha.Ukubesha kwambere n’aho uvuga ko udatahura ibiringo vy’umukuru w’Igihugu kandi n’umwana yiga ecole maternel azi ko ari ibiringo bibiri nkaswe wewe waminuje.Akamo ndagateye abasenyeri b’i Burundi nka Ntamwana Simon,aba pastori b’i Burundi nk’aba Simbananiye Artemon n’aba shehe harimwo umuhuza w’abarundi shehe Rukara munyegerere umukuru w’igihugu c’Uburundi Nkurunziza yumvire ikigongwe abanyagihugu,areke amacenga(uburyarya)abwire umugambwe wiwe CNDD-FDD ko borondera uwundi ko wewe amaze gukwiza ibiringo bibiri bisabwa n’Ibwirizwa nshingiro y’Uburundi,gutyo azoba yubahirije amwe mu mabwirizwa cumi y’Imana,kandi amadini atandukanye yose yemera akanahurizako !Uzoba ukoze kwumvira akamo kanje n’akabaserukira amadini bazogutera,bwana pasteur ukongera ukaba umukuru w’Igihugu c’Uburundi bwana Nkurunziza.



Par Kidudira Keneth   ce  jeudi 10 juillet 2014   à 13 : 38 : 56

Umuganda wacu.Guhuza imigambwe yigabuyemwo kabiri canke gutanu.Jewe nsavye abapadiri,aba pastori n’aba shehe abo bafitaniye ibibazo mu migambwe basengamwo mwobahagarika kuza mu masengero yanyu no mu misigiti gushika basubije hamwe !Kuko bose nama numva bashira Imana imbere !Kandi ndazi ko bose baja mu masengero nomu misigiti.Ubumwe budatanguriye mubarongoye imigambwe mwumva buzoja mubanyagihugu gute ?Cane cane muhagarike umushikiranganji w’intworo yohagati(minter)Nduwimana Edward ntaze asubire kwinjira murusengero narumwe ngo aje gusenga, nimba ari umwisiramu abashehe bamubuze kwinjira muri mosque gusali mpaka yumvikanishije abapfa ubutegetsi mu migabwe yabo !Kuko ntakuntu muzokwama mucisha mukanwa Imana Imana Imana,kandi mudakora ico ishaka !Ntabantu buzura amasengero n’imisigiti nk’abarundi,ariko turi abambere mu bibi,gucurika amategeko y’igihugu kugira duhohotere abakeba bacu !



modération a priori

Ce forum est modéré a priori : votre contribution n’apparaîtra qu’après avoir été validée par un administrateur du site.

Qui êtes-vous ?
Votre message
  • Pour créer des paragraphes, laissez simplement des lignes vides.


Ecrire un message à l'auteur de cet article

Envoyer un message