Umumenyeshamakuru w’iradiyo ijwi ry’amerika yaraye atewe gerenade




Par: Isanganiro , jeudi 25 juin 2015  à 16 : 11 : 15
a

Hari kur’uyu wa gatatu igihe c’isaha imwe y’umugoroba igihe urugo rwa Diana NININAHAZWE umumenyeshamakuru wa Radio Bonesha n’ijwi ry’amerika rwaterwa gerenade n’abantu batamenyekanye ; turi muri quartier Jabe ya Komine Bwiza muri ya Mairie ya Bujumbura. Iyo grenade nta muntu yahitanye ; umume,yeshamakuru Diane NININAHAZWE akamenyesha yibaza ko abakoze ico gitero ar’abashaka kumutera ubwoba ngo ahebe umwuga wiwe wok u menyeshamakuru ; ariko ngo ntarota awuhagarika.

Ico gitero ku ngo z’abamenyeshamakuru kikaba kibaye ica kabiri ku aho hahakiwe itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama uno mwaka. Igitero ca mbere kikaba cabereye muri komine Musaga ku rugo rw’umumenyeshamakuru wa RPA Léonce NIYONGABO aho abapolisi bateye ivyuka vyokera mu nzu yiwe babicishije mu ma dirisha gushika aho abana biwe babiri babura impwemu. Bakaba batabawe n’abakozi bw Crois Rouge babatwaye mu bitaro kugira babarabure.

Mwomenya ko abamenyeshamakuru barenga ijan bamaze guhungira mu mahanga kuva kw’iginekerezo rya 13 Rusama ; abakiri mu gihugu nabo bakaba baba mu kinyegero kugutinya kugirirwa nabi bazira ko amaradiyo bakorera yavugishije abashatse gutembagaza ubutegetsi.




Twitter cet article// Partagez cet article sur Facebook

2565 ont visité l'article



Votre réaction sur l'article/émission/brève..

modération a priori

Ce forum est modéré a priori : votre contribution n’apparaîtra qu’après avoir été validée par un administrateur du site.

Qui êtes-vous ?
Votre message
  • Pour créer des paragraphes, laissez simplement des lignes vides.


Ecrire un message à l'auteur de cet article

Envoyer un message